BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kidum ngo aricuza kuba yaravuze ko atazogaruka i Bujumbura

Kidum ngo agiye gusubira kuza i Bujumbura, kuko yasanze yarihenze mu kuvuga ko atazogaruka. Nayo imbeba ngo ni zimenye ko naho ziriko zitambira ku meza, akayabu bitebe bitebuka kazogaruka.

Nimbona akaba abishikirije mu gihe hari hagize imisi hari impari nyinshi n’uguterana amajambo hagati ya Sat-b na Big Fizzo, ibidashimisha bose. Ariko kandi bibaye mu gihe yari mu misi iheze yamenyesheje ko ugusubira gukorera igiteramo i Bujumbura n’i Kigali atari vuba.

Mu majambo yanditse kuri izo mbuga ziwe ntiyamenyesheje igihe azoshikira, ariko yavuze ko azobishikiriza mu misi ya vuba. Muri ayo majambo nyene uwo muririmvyi akaba yanaboneyeho akaryo ko gusaba imbabazi kuba yarashikirije ko atazogaruka i Burundi, ariko ngo yasanze yarihenze.

Muri ayo majambo uwo muririmvyi w’umurundi abarizwa muri Kenya ntiyigeze ashikiriza ikintu na kimwe ku Rwanda, ubona ko yabivugiye hamwe n’Uburundi.

Kidum kandi akaba ataretse gutebura kuri izo mbuga nyene aho yamenyesheje ko iyo akayabu katahari imbeba zitambira ku meza, igitangaje ngo nuko izo mbeba ziba zibagiye ko uburuhukiro akayabu kazogaruka.

Mwokwibuka ko Nimbona yaheruka gushira ahabona akandi karirimbo gashasha yise Nakupenda kakozwe na Yves Kolly, ako kakaba kamaze indwi imwe gusa, ariko hari haheze amezi 2 asohoye amasanamu y’akaririmbo Umvemvemve.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775