BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kidum yahambije abandi mu kugwanya ikiza ca Corona-Virus

Nimbona Jean Pierre benshi bazi nka Kidum nawe yahambije abandi mu guhimiriza abamukurikirana ngo babandanye kwirinda umugera wa Corona-Virus utera ingwara ya Covid-19, ivyo akaba yabikoze akoresheje urubuga rwa Facebook asanzwe akoresha.

Uwo muririmvyi w’umurundi abarizwa mu gihugu ca Kenya, yashize ku rubuga rwa Facebook ishusho aho aboneka yambaye agafukamunwa, Mask, ariherekezesha amajambo akomeye aho yabwira abantu ko ico kiza gitema kigatongora, kandi atawe kigera umutwe.

“Ikiza ca CoronaVirus kirica! Ntagufyina birimwo! Dukarabe intoke kenshi gashoboka, twirinde kwegerana kubera guhanahana imyuka.
Tugume mu ngo zacu no mu bacu muri iki gihe kwanduzanya vyigize ndanse. Nta mvura idahita vyose bizogenda neza.
Uwo mwansi yatwinjiranye wallah, couvre Feu ata rusasu canke bombe!!! Twebwe dusanzwe dukunda gusoma ijambo ry’Imana, tubibona nk’ibimenyetso vy’ibihe vya nyuma vy’umuhero w’isi.
Amasengero yugaye, umuziki ntaho tuwuvugiriza, imipaka n’ibibuga vy’indege vyugawe, umwansi ntawe tubona n’amaso, ariko abapfa bagapfa.
Couvre Feu irahari, urukundo mu bantu rwaraheze, ubwoba bwabatekeye bose, Abami b’ibihugu bariko barandura ico kiza, etc… Imana gusa niyo igira yerekane ko ariyo nkuru gusumvya vyose ubu.”

Ivyo uwo muririmvyi akaba abishikirije inyuma y’ikiganiro yahaye BBC Gahuzamiryango aho yariko amenyesha ko muri kino gihe akazi mu gihugu ca Kenya kahagaze, harimwo ibiteramo yasanzwe akora buri gihe, co kimwe n’ico yokoreye mu ntara ya Mombasa muri Kenya nyene muri uku kwezi kwa kane. Ariko uwo muririmvyi akaba yamenyesheje ko aticaye kuko bikorwa bibandanya

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775