BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Kidum yakoranye indirimbo n’uwo muri Haiti

Umuririmvyi wo muri Haiti niwe Kidum yakoranye akaririmbo nawe, ariko hakaba hataramenyekana ubutumwa buzoba burimwo, ariko kakazumvikanamwo igiswahiri n’igi Creole.

Hagiye kwumvikana akaririmbo gashasha kazumvikanamwo umuririmvyi Nimbona Jean Pierre benshi bazi nka Kidum, ako karirimbo akaba yagakoranye n’umuririmvyi wo muri Haiti tutabashije kumenya izina.

Kidum akaba avuga ko ako karirimbo kazoba karimwo indimi zirimwo igiswahiri hamwe n’igi Creole. Kubwiwe ngo izo ndimi zumvikana neza cane, nkuko yavyanditse ku rubuga rwiwe rwa Facebook.

Nimbona akaba yaheruka kwumvikana mu karirimbo Nipe nguvu gaheruka gusohokana n’amasanamu yako hari igenekerezo rya 28 kigarama 2018. Nayo ako yaheruka gukorana n’uwundi muririmvyi kakaba kasohotse mu kwezi kw’10 muri uwo mwaka nyene, bakaba bakise Telenovela agakorana n’umuhinyanyuzi w’umunyaKenya yitwa Cedo.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775