BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Kidum yavuzweko vyinshi kubera umwigeme bifotozanye

Kidum naho atashatse ko ishusho yashize ku rubuga rwa Facebook hagira ico bayivugako, ariko abamukurikirana bagize vyinshi bayivugako.

Kidum yavuzweko cane ku rubuga rwiwe rwa Facebook, aho bariko bavuga kw’ishusho yashize kuri urwo rubuga aho yasaba abantu kutagira ico yabivuzeko.

Haguhora, ahubwo wamengo akojeje agati mu ntozi. Mu gihe yari yashizeko amashusho aho aboneka arikumwe n’umwigeme bishoboka ko ari umumenyeshamakuru, kubera amajambo yaherekeje ayo mashusho, abantu bahavuye bamubaza igituma atashaka ko bagira ico bayivugako.

S’ivyo gusa ahubwo hari n’abavuze ko babona ko we n’uwo mwigeme bifotozanije ngo baberanye, nk’umugabo n’umugore. Ariko hari n’abandi nabo batwenze gusa. Hari n’abamubwiye ko ukwo kugira ico bavuze kuri iryo shusho ngo babizi ko ataco vyomutwara.

Mu majambo yose yabashije gushikirizwa kuri urwo rubuga n’abarenga 100, we akaba ata jambo na rimwe ryabashije kuboneka kuri urwo rubuga rw’ukubishura.

Kidum bakaba bamuvuzeko ivyo mu gihe asanzwe afise umutambukanyi w’umunya Kenya muri kino gihe banafitanye abana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775