BurundiEntertainmenthomepageIKIRUNDI_newskirundimusic

Kidum yerekanye iyindi ngabire nshasha afise muri Band yiwe

 Nimbona Jean Pierre benshi muzi nka Kidum Aho Ari abandanya aramura Abana bakiri bato bafise Ingabire zikomeye muri uwo mwuga amaze imyaka idaharurwa ku ntoke ariko arakora.

ku rubuga rwiwe rwa Facebook, kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 4, niho yerekanye umusore amuvugiriza Piano muri Band yiwe, aho yavuze ko yateye Intambwe ikomeye mu kuvuza, ugereranije n’igihe yashika muri band mu mwaka wa 2020.

Kidum akaba atamaze gushigikira uwo gusa, kuko abaririmvyi bakomakomeye ba hano iwacu baciye mu minwe yiwe, akabafasha ibi canke biriya ariko birabishwa mu mwuga wabo wo kuririmba.

Mu baririmvyi amaze gufasha bakunzwe cane muri kino gihe harimwo Big Fizzo, Rallye Joe, Andy Mwag canke Esther Nish n’abandi batari bake.

Kidum akazi ko kuririmba akaba agakora hampande y’akazi ka Karaoke Ari nako biboneka ko kamuha amafaranga Atari make kuko Ari rutumwako muri Kenya iyo asanzwe aba, haraheze imyaka itari mike.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775