Entertainmenthomepagekirundi

Kidum yoba asutse amavuta mu muriro, Kuri ya Ntambara hagati ya Big Fizzo na DJ Paulin

Buri gihe Kidum ahamagarira abaririmvyi guhosha ukutumvikana Kuri hagati yabo, none yaraye asutse amavuto ku muriro aho yahura na Big Fizzo mu bubirigi.

 

Ifoto yaraye ibonetse ku mbuga za Facebook za Big Fizzo na Kidum, yerekanye abo bagabo uko ari babiri, agatwengo kabishe, ariko ntihamenyekanye ico bariko baganira.
Naho atacamenyekanye, Kidum we asa n’uwamenye ibanga ry’ivyo baganira, kuko we mu majambo yaherekeje iryo shusho, yavuze ko yasanze Big Fizzo afise ama Parfum nyinshi mu cumba ciwe, amubwira ko agiye gutangura Business.

Ayo majambo akaba ajanisha ku gucokoza DJ Paulin nawe nyene buca yerekeza muri ako gace barimwo. Iryo jambo rikaba Ariryo rigize imisi rikoreshwa ngo hibutswe ijambo DJ Paulin bamuryojeje akatari gake, aho benshi bavuze ko yarengeye, agatuka abaririmvyi.
Ku batavyibuka, ako kajambo ko kuja kurondera aga Parfum ku mugabane w’uburayi, Niko kajambo Big Fizzo yavugiye mu ndege, aho yarasubiye Inyuma yaraye yakije umucanwa, Kuri ya Ntambara n’umudimudimu yavuga ko azotsinda.

Dufatiye Kuri iryo jambo ryavuzwe na Kidum ubwiwe Kuri urwo rubuga, bikaba bishoboka cane ko bafashe umwanya uhagije baraganira Kuri iyo nkuru, kanatsinda bose irabaraba, kuko iriko iba mu muziki wa hano iwacu. Tukizera ko icavuye ari kizima, kugira noneho icasabwe na Pacifique Nininahazwe mu misi iheze, co gusabana ikigongwe, bakanasabira hamwe ikigongwe abarundi kizoshikwako.
Uwo bariko baravugira mu ntamatama, akaba nawe muri uku kwezi nyene Kwa 5, yitezwe I Buruseri, aho ahafise igiteramo bariko barategura, Kandi yemeza ko kizoba gikomeye gusumba ibindi vyabereye muri ico gihugu, bikozwe n’abarundi, bisigura ko n’iki ca Kidum co Kuri uyu wa gatandatu naco kirimwo.

Ico giteramo DJ Paulin ariko agitegurira Drama T, kikazoba igenekerezo rya 27/5 I Buruseri, nayo Kidum akaba yitezwe Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 6/5 muri ico gisagara nyene.
Mu kiganiro DJ Paulin yigeze gutanga mu kwezi guheze, yabajijwe nimba ata bwoba afise ko atazohava agira ico ahakura, kuko Kidum azoba yahaciye mu ntango z’ukwezi, uwo mugwizatunga w’umurundi yemeza ko ahamenyereye cane, avuga ko ata bwoba na bukeye, ngo abantu bazoba ari benshi cane, Kidum nta kibazo azobateza.

Ubwo butumwa bukaba bwakurikiye ubw’uwundi murundi ashobora kuba ahumuye, canke akuze ku badatahura iyo mvuga, yamenyesheje ko agatima kasubiye mu nda kuko babonye ko na Kidum ari mu bazokorera ibiteramo I Buraya, kuko ngo abo muri Generation yiwe bari barabibagiye.

Nayo ku batakubitiye Kuri Facebook Kwa Big Fizzo, nuko uwo Mugabo ya FOTO twababwira, amajambo yayiherekeje yanditse avuga ko igitugu gikura ariko ntigisumbe izosi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 755