BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Bamwe babona ko Nelly Nat umugabo azomwumva ku matwi

Nelly Nat azwi cane nk’umunyarusaku ngo nta wokwemera kumushira mu nzu, naho bomuzanana amafaranga. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na bamwe mu bagize ico bashikiriza Kuri Post yakozwe n’uwitwa Umuhirwa Kuri Twitter.

Kuri urwo rubuga rwa Twitter, ruri mu zikunzwe hano iwacu, habajijwe nimba hari uwokwemera kubana na Nelly Nat, mu gihe bomuha 5,000,000. Abatari bake bakaba bavuze ko batovyemera, bongerako imvo zitandukanye.

Abatari bake babashije kugira ico bashikiriza Kuri ivyo vyashikirijwe n’uwo muntu, bavuze ko yikije umuriro, ngo baraje bamutuke bikomere, kuko ngo akojeje agati mu ntozi. Kuko uwo munyarusaku wacu, afatwa nk’uwutukana cane Kuri urwo rubuga.

Ukwo gutukana kwagirizwa uwo mwigeme, kukaba arikwo kwamukozeko, kugatuma habura abamwemera, nkuko vyabonetse. Abatari bake bakaba bavuze ko batinya ko bashitse mu nzu bohava basanga batutswe gusumba uko babibona Kuri izo mbuga.

Naho azwi uko, Nelly Nat we siko yahavuye yishura uwo muntu yaramwanditseko Kuri urwo rubuga, kuko yahavuye avuga ko ativuna uwariwe wese, ahubwo ngo yanka uwumusotora gusa.

Nelly Nat muri ivyo yarashikirije yamenyesheje ko yatangajwe n’ama Commentaire yabonye Kuri iyo Post yariko iramugwako.

Nelly Nat akaba azwi nk’uwutazi kurya umunwa Kuri urwo rubuga rwa Twitter, ariko cane agakoresha Whatsapp, kuko ama Status yiwe akunze gusangiza abantu benshi cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 760