BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kirikou na Double Jay ngo baracabarizwa muri Bantu Bwoy

Ngo naho wogira gute, ntiwobesha umutima, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Kirikou mu kiganiro yahaye Bagenzi bacu.

Muri ico kiganiro, uwo muririmvyi yariko abazwa uko yumvise  ijambo riheruka gushikirizwa na Big Fizzo umwe mu babareze muri uno mwuga.

Kirikou yavuze ko bashima cane ivyo bakorewe n’uwo muririmvyi. ngo kubwiwe ntiyoronka ico ashikiriza gisimbura ivyo uwo muvyeyi yamukoreye.

Kirikou akaba yabandanije ashikiriza ko naho bobesha abantu, ngo Imitima yabo yo badashobora kuyibesha. Ikiriku mutima arico gikomeye.

Abo basore bakaba bavuga ko bari bakwiye gutumirwa muri ivyo birori kuko nabo  basezeye umuryango, bakiri abo muri uwo muryango. Bakaba batanze akarorero umwana akuze akaja kwipangira, atareka kuba umwe mubo mu muryango naho aba atahaba.

Nayo ku kibazo c’umugani Big Fizzo yaciye mu kiyago yagiranye n’abamenyeshamakuru, ngo uwuguhe*ye ntumu*nere akwita ikibura n*o, Kirikou siko abibona. Kirikou we ngo uwahisemwo kwerekana ubwambure bwiwe nta kundi, ariko we ntavyo yomwishura.

Big Fizzo akaba yaheruka gushikiriza ko abo bazokorana Ari abaririmvyi bemera ko Hari ico Bantu Bwoy yabafashije, ababona ko ataco yabafashije ngo nta we bazoraba no mu maso.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775