BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Kirikou ngo Kuba Big Fizzo yarahavye ntivyamubujije kugira urukundo

 

View this post on Instagram

 

A post shared by #Ikidoma🗿 (@kirikou_akili) on

Kuri uyu wa mungu igenekerezo rya 7 ruheshi, Kirikou yashimwe n’abatari bake Ku butumwa yatanze abuha Big Fizzo biciye Ku rubuga rwa Instagram, aho yashima kuba yaramufashije, kandi nawe aho ageze yahageze arushe.

Ubwo butumwa bukaba Atari ubwa mbere abumuhaye kuko mu misi iheze, uwo muririmvyi yari yamwandikiye aho nyene kuri Instagram ubundi butumwa bukomeye nabwo bwakoze kuri benshi.

Kirikou Yagize ati : “ @bigfizzo
Intambwe uriko warayiruhiye cane, ariko ntivyabujije kugira umutima w’urukundo. Urantora umfata ukuboko kugira ungeze kundoto nanje narimfise.
Mon papa je ne t’oublierai jamais dans ma vie😞
Uwamungu mwiza ncuti zanje
Imana ibaje imbere mushike kundoto zanyu.🙏🏽❤ “

Ubwo butumwa bwaherekejwe n’ishusho yerekana bariko barakora amasanamu y’indirimbo Binua baheruka gukorana n’uwo yita umuvyeyi wiwe, yakunzwe “Like ” n’abarenga 497 mu masaha 9 gusa ayisohoye. N’ayo abarenga 14 bakaba bataretse kugira ico babishikirizako, abo bakaba bari mu  barenga 11,100 basanzwe bamukurikirana.

Mwomenya Akaririmbo Binua baheruka gushira ahabona kamaze kurabwa incuro zirenga 53,000 mu masaha adashika 96.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799