BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kirikou yarahiye ko atawumwandikira indirimbo

Mu kiyago na Fanny, Kirikou yavuze ko abigeme batari bake kandi bamusumba imyaka bama bamwihenzeko, ariko we ngo kuko atavyo akoreramwo, arabirinda.

Kirikou muri ico kiganiro nyene yabajijwe uwumwandikira indirimbo kuko ivyo yandika n’uko angana bitangana, avuga ko atawumwandikira indirimbo, ngo niwe yiyandikira we nyene.

Aho ni mu gihe indirimbo ziwe abatari bake bibaza ko zoba zandikwa n’uwundi muntu ashobora kuba abarizwa muri Bantu Bwoy, uburongozi “Management” asanzwe abarizwamwo.

Mukibuka ko indirimbo Binua uno musi ibarizwa mu barenga 78,000 bamaze kuyiraba ifise ubutumwa busa n’ubuganisha ku bikorwa vyo mw’ibanga bikorwa hagati y’abafise ibitsina bitandukanye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775