BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kirikou yavuze ku kigo c’impfuvyi ciwe   

Muvyo Imana yamuhaye, Kirikou avuga ko yahawe gutahura igituma yabayeho. Ico gituma ngo nukugira abandi bazobeho biciye mu minwe yiwe, Ivyo n’ivyo aheruka kuvugaira kuri Micro ya Indundi Tv.

“Je sinabayeho kugirango Mbeho, nabayeho kugira hagire abazobaho kuko nabayeho. Nta Modoka je nkeneye, nta kintu ndiko ndarondera ngaha kw’isi ico nkeneye nukurondera ko hari abantu babaho kubera ko je nabayeho. Numva ko ariryo deni Mfitiye Imana.”

Muri ico kiganiro, Kirikou yavuze ko afise umugambi wo kwubaka ikigo c’impfuvyi ku gatumba mw’itongo umuvyeyi wiwe yamusigiye. Ico akabona ko atazocishoboza, ahubwo ngo ababishoboye bazmufate mu mugongo, kuko kuri we igihe n’iki.

“Naratanguje umugambi, ndiko ndondera abantu bazonterera ndagashiremwo ikigo c’impfuvyi uko kazoba kameze kose. Ico vyonyungura ntavyo twobona, ni ku Mana. Nsaba abarundi ko umusi nzogishira hanze,bazonshigikire bamfate ukuboko, nubwo nogiheza nkabona abantu 2 barabayeho kubera je nabayeho, numva umengo icatumye mbaho kwisi noba ndabikangije.”

Kirikou ngo ntiyiteze kurindira umusi azoronkera amahera, kuko ata musi mwiza uhari. Ico cigwa ngo yakironse aho yabura umuvyeyi kuko yibaza ko umusi wa 5 ariwo mwiza wo kubonana nawe, noneho umusi wa 2 aba aritavye Imana.

Aha mwomenya koi co kiganiro cakozwe aho yari mu giteramo c’umuririmvyi Mista Champagne, nayo amafranga bari bamuhaye, yaciye ayagabira abana bo mw’ibarabara bahuriye muri ico kibanza.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775