Basketballgroups-at-messagehomepagekirundikirundi_SportsSport

KIU rangers yarikomeje izana abarundikazi

Nkuko mubizi ikinyamakuru canyu kibandanya gicukura inkuru zirya n’ino uno musi twahisemwo kubabwira abakinyi babiri bakiri bato Inès Kanyamuneza yigeze guca muri Young sisters na Hervée Lycette Iradukunda yamuka mu ntara ya Kayanza , bose bakaba bakinira KIU rangers umurwi ukinamwo Ninette de France Uwineza yigeze guca muri les Gazelles no mu murwi nserukiragihugu.

Inès Kanyamuneza yavukiye i Gitega muri quartier Yoba mu mwaka wa 1998 igenekerezo rya 10 Ruheshi , akaba yatanguye ivyo gukina basketball kuri lycée sainte Thérèse mu mashure yisumbuye acabandaniriza muri Young sisters I Ngozi .

Uyo mwigeme yavuze ko basketball yo muri Uganda iteye imbere cane ngo barakora cane mu myimenyerezo akaba yabwiye Indundi Sports ko atariwe murundikazi wenyene akinira KIU rangers ngo kuko yahasanze Ninette de France Uwineza ngo ariko akabahafise n’uwundi bakinana yamuka mu ntara ya Kayanza.

Uyo mwigeme mu kiganiro yahaye Indundi Sports yayibwiye ko yifuza kubandanya akora kugira atere imbere agashima ko basketball yatumye KIU imuha akarusho ko kwiga kuri scholarship.

Kampala international university KIU ni kaminuza ikomeye mu gihugu ca Uganda mu gisata c’ubuhinga n’ubumenyi mbere ikaba imaze gucako abakinyi bakomakomeye nka Sokoroza Francis batazira Savuka,Etienne Kazungu,Uwineza Ninette de France na Aniella Kadede bose bigeze guca mw’ihiganwa rya ACBAB rihurikiyemwo imirwi yo mu gisagara ca Bujumbura.

Mwomenya yuko hambavu yabo batatu Indundi ibabwiye , hari uwundi akinira KCCA muri Uganda akaba yamuka mu ntara ya Ngozi akaba yitwa Cynthia Iradukunda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 885