Entertainmenthomepagekirundimusic

kolly Da Magic agiye kuza ninzu y’iwe y’ubuhinyanyuzi nshasha.

Kolly the magic ngo vuba agiye gushira ahabona inzu yiwe y’ubuhinyanyuzi inyuma y’uguca munzu zitandukanye zisazwe zihinyanyura indirimbo zahano mu gisagara ca Bujumbura.

Ni inyuma yukuva muri Wanainchi Entertaiment, Umuhinyanyunzi Kolly the Magic bivugwako agiye gushira ahabona studio yiwe eka n’ivyuma biza vyaramaze gushika uwomuhinyanyuzi akanaba n’umuririmvyi akaba amaze gukora indirimbo nyinshi cane zagiye zikunda mu muziki ndundi zikanatwara n’amahiganwa meshi atandukanye.

Mwomenya ko uwu muhinyanyuzi asazwe ari n’umuririmvyi kwagiye gusohora kandi ikindi gikorwa naho umusi canke ukwezi bitaramenyekana ariko akazoba arikumwe n’umuririmvyi ataramenyekana izina gushika ubu ariko indirimbo ikaba yakorewe muri MA Production, akaba yaheruka gukora mukwezi kwa Ndamukiza indirimbo barikumwe na Chirba Dia nawe asazwe arin umuhinyanyuzi bise Ijwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 769