Entertainmentkirundimusic

Kolly The magic nawe ntiyanejerejwe n’inyifato ya Big Fizzo

Kolly the magic ati:”umuririmvyi w’umurundi Big Fizzo urankuriye kandi ndakubaha ariko abahungu bawe waraye ubasusuguje imbere yabakunzi b’umuziki ndundi.”

Kolly the Magic umuhinyanyuzi akunzwe cane kubwakazi akora kuguhinyanyura Indirimbo zikaza zimeze neza zikanakundwa cane. umuhinyayu twovuga ko aha mugihugu cacu ari mubambere babizi kurusha abandi yahaye ubutumwa umuririmvyi Big Fizzo kuvyo yaraye akoreye abana biwe mukubagayisha imbere yabakunzi b’umuziki ndundi bari muri Annif ya cristal Events

kolly the magic akaba yagize ati:

”Sinahora nkunda kuvuga vyishi canke menshi. Ariko ibintu vyaraye bibaye muri anif ya cristal Events birateye isoni nacane cane bikaba vyakozwe n’umuntu vyitwako ari mubarwanira agateka k’umuririmvyi w’umurundi Big Fizzo urankuriye kandi ndakubaha ariko abahungu bawe waraye ubasusuguje imbere yabakunzi b’umuziki ndundi. Nk’umurongonzi canke umwungere mwiza uyoborera intama zawe mucana c’ubwatsi butotahaye ntiwari ukwiye gukora ibintu nkabirya imbere y’abantu nimba abana bari bakoze ikosa ivyo mwarikubihereza munzu ya Bantu Bwoy. Twama dusemerera ngo twubahwe twubahwe ariko mugihe tutabanje kwiyubaha no kwiha  agaciro ntitwitege nagato kohariho uuwuzoza kukaturondeza. Barya bana iragi wipfuza kubaraga est-ce que ninkarirya kubuzukuru bawe? Nukuri ikosa nimba rihari kubwanyu canke kumasezerano kubwanje sinibaza ko vyari kurangira kurya nubwo ubwo bubasha wari ubufise ariko hari ibintu bimwebimwe dukwiye kurengera kugira inzira ishika tuyitondere dutosore utunenge kanatsinda ngo igiti ntikigukora mujisho kabiri.”

Akaba yarangije yipfuriza pole umuririmvyi  Double Jay na kirikou Akili bakuwe kuri Scene bagomba baririmbe imbere y’isinzi ry’abakunzi b’umuziki ndundi yongera anasaba imbabazi kubo yoba atsitaje ngo yabivuze kubera vyabereye mw’isinzi ry’abantu kandi babakunda.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 555