BurundiÉnergieEntertainmentgroups-membership-request-accepted-by-adminhomepagekirundimusic

Komanda yinjiye mu gitigiri c’abahowe indyane zirangwa hagati ya Big Fizzo na Sat-b

Kuba yarinjiye mu masanamu y’indirimbo ya Sat-b, ngo vyatumye Komanda asa nk’uwubaye igicibwa mu mugwi w’abahabwa ibiraka bitandukanye n’umuririmvyi bahanganye, Big Fizzo.

Umukinyi w’amareresi atwenza abantu, Komanda, avuga ko mu misi iheze yigeze guhorwa ubusa n’umuririmvyi akomeye hano iwacu, Big Fizzo. Ico gihe kandi ngo yamuhoye ico atategerezwa kumuhora kuko ngo we yari ku kazi.

Uwo mukinyi wa Comedie yahoze akorera mu murwi ukina amareresi muri Ihuriro, ariko mu nyuma akaja gushinga rwiwe, avuga ko intandaro y’ukwo kutabibona kumwe ari uko uwo mukinyi (Komanda) ngo yoba yarabashije kuja mu masanamu y’indirimbo ya Sat-b.

Ivyo akaba ngo yabibwiwe n’uwo muririmvyi ubwiwe aho bahurira ku muryango asa n’uwuhejeje kwitaba agahamagazo, agira ngo yitegura aje gukina mu masanamu y’indirimbo Kwiti kwiti. Yagerageje kwisigura ko we ata kosa yakoze kuko ico bapfana yari amahera gusa, ariko ntivyahava bikunda, bihera abuze ako kazi.

Uwo mukinyi yabwiye Juste ko ako kazi yari yakemerewe n’umuririmvyi nyene iyo ndirimbo, Double Jay. Mu kumwemerera ako kazi ngo yari yamushimye uburyo akora nkuko yabandanije abishikiriza muri ico kiganiro “Umukubito.

Aha mukamenya ko abo baririmvyi uko ari babiri, Big Fizzo co kimwe na Sat-b basa nkaho ata wucana uwaka n’uwundi, kuko wumvirije ibiganiro bakora, ata wuha ikibanza gishemeye mugenziwe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 776