africa newsEast Africa NewsEntertainmentkirundimusic

Ku musi w’abakundana Diamond Platnumz yakoreye ibikomeye Tanasha

Mu gihe abatari bake muba Tanzania batari biteze ko Diamond ahava aryoherwana n’umukunzi wiwe kuri uno musi w’abakundana, uwo muririmvyi yakoze ivyatangaje abantu benshi.

Nkuko amakuru dukesha ikinyamakuru SNS co muri Tanzania abishikiriza ngo abakurikirana Tanasha ku rubuga rwiwe rwa Instagram bavuze ayamuhe, mu gihe babona amashusho ya Diamond na Tanasha bariko bararyoherwa hamwe uwu musi, mu gace kitwa Nivasha muri Kenya. Aho ni mu gihe Diamond we ataco yigeze abikorako ku rubuga rwiwe.

Muvyabashije kuboneka ku rubuga rwa Tanasha rwa Instagram, n’amashusho yabo bariko baryohererwa. Amashusho co kimwe n’amasanamu ngo vyagumye bicanacanako. Ishusho ry’amaboko yabo ryaherekejwe n’amajambo ari mu rurimi rw’icongereza, Tanasha yipfurije umukunzi wiwe umugoroba mwiza, kandi anipfuriza umusi mwiza w’abakundana abandi bose.

Nkuko nari nababwiye ko bavuze ayamuhe, ngo muvyo bashirije harimwo ko batari biteze ivyabaye kuri abo bakundana, s’ico gusa ngo hari n’abavuze ko Diamond yahisemwo kumuryohera uno musi ngo amwibagize ivyo yamukoreye vyose, n’ibindi vyinshi.

Gushika turiko twandika ino nkuru, iyo Post ya Tanasha yari imaze kurabwa n’abatari bake ariko abarenga 43,580 nibo bari bamaze kuyikunda, Like. Abo bakaba bava mu bamukurikirana barenga 1,700,000 kuri iyo Instagram yiwe.

Tanasha akaba  abishikirije mu gihe yaheruka kumenyesha ko hageze igihe akicuza icatumye agendana na Diamond Platnumz, ashikiriza ko mumvo zabitumye harimwo abafana ba Diamond batahengeshanya kumutuka, ivyo ataramenyereye.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 558