AthletismeArsenalhomepageInkinokirundikirundi_SportsLinelYvan muziki

Kuba nk’umuhungu cane nivyo bitumye Francine Niyonsaba ahagarikwa mu mahiganwa

“hormones” z’igihungu nyinshi afise mu mubiri nizo zatumye Francine Niyonsaba ahagarikwa mu mahiganwa azobera mu bu Swiss mu mpera z’uku kwezi kwa Rusama.

Naho agerageza kwisigura ku mbuga ngurukanabumenyi, ariko ngo nta gihinduka gushika amezi 6 aheze. Ivyo n’ibiboneka mu mategeko mashasha y’ihuriro ry’amashirahamwe y’abanonotsi kw’isi.

Iryo shirahamwe IAAF rivuga ko abakobwa bose bakora uwo mukino, basanzwe bameze nk’abagabo, ngo bakwiye kuja kwa muganga ngo babafashe kugabanya “Hormones”, z’igihungu basanzwe bafise, mu mibiri yabo “Testosterone”.

Iryo tegeko rikaba rivuga ko bategerezwa gukurikiranwa n’abaganga mu kiringo c’amezi 6, imbere yuko basubira mu kibuga. Aho ni mu ntumbero y’ukugabanya uwo musemburo ngo banganye n’abandi, kugira ntibagire ako kabirya. Ariko kandi ngo urashobora no kutemera kugabanisha uwo musemburo wawe, uretse ko iryo shirahamwe riheza rigaca rigukura ku rutonde rw’abakora amahiganwa.

Ivyo abo banonotsi baramutse babikoze, uburyo bahora biruka bizoheza bice bigabanuka, kandi co kimwe n’uburyo basanzwe bitwara, kuko bazoca batangura kwiyumvira n’ukwitwara nk’abakobwa mu gihe basa nkaho ari umuhungu ari mu mubiri w’umukobwa.

Naho biruko, umunonotsi w’umurundikazi Francine Niyonsaba avuga ko uko bigenda kwose azoca muri ivyo bibazo yemye. Aho ni mu gihe bagenzi biwe bahagarikiwe hamwe nk’umunya Afrika y’epfo Semenye Caster n’umunya Kenya Margaret Wambui bo babandanya kuvuga ko iryo ari ihohoterwa bakorewe n’iryo shirahamwe.

Mwomenya ko abo banonotsi batashizwe ku rutonde rw’abazohiganwa mu mahiganwa y’abanonotsi azobera mu gihugu ca Sweden mu mpera z’uku kwezi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 873