BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kubwa B Face ngo imbwa ntiheba iyarara

Indirimbo ya B face na BigFizzo izosohorwa na mweneyo, nayo umudiho wa Rap ngo ntiyawuhevye kuko imbwa ntiheba iyarara. 

B Face ngo ntiyahagaritse umuziki uri mu midiho ya Rap, ngo azogaruka kuko izigize imisi zisohoka s’iziwe, iziwe ngo ziri inyuma.

“Nzosubirayo kuko imbwa ntiheba iyarara, kubera Rap niyo yatumye abanyagihugu bamenya, nta mpamvu yo kuyiheba.”

Mu kiyago aheruka guha imwe mu mboneshakure zikorera ku buhinga ngurukanabumenyi, yavuze ku ndirimbo ivugwa hagati yiwe na Big Fizzo, aho adahakana kw’ihari ariko akavuga ko atari we azoyishira ahabona, kuko ari iya Big Fizzo

“Indirimbo irahari, umusi yashimye ko isohoka ni sawa, ariko mu gihe abona ko hataragera, muzorindira.”

Ivyo akaba yabibajijwe mu gihe Big Fizzo yaheruka kuvugira ku rubuga ngurukanabumenyi rumwe muzo akoresha abaza B Face ko boyisohora.

Aha mukamenyako BigFizzo adakunze kuririmbana n’abaririmvyi basa n’abakomeye, ahubwo kenshi aririmbana n’abakiri bato.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775