BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Kubwa Dj Briane ngo bashigikiranye, bazotera imbere

Ukudakundana ngo bitumye abaririmvyi co kimwe n’aba Dj bo muri Africa y’ubuseruko batabasha gusohoka ngo baje gukorera mu mahanga.

Dj Brian mu kiganiro Classic Vibe yavuze ko aho yakubitira muri Nigeria akabona uko abaririmvyi bamenyekanishwa, ngo yasanze biri ku rwego rwo hejuru, kuko indirimbo y’umuririmvyi isohoka abantu bayinyotewe, kuko yamenyekanishijwe cane.

Iyo nyifato ngo ituma ibintu bigenda neza, hano iwacu ntayo, kuko ngaha ushigikira uwagushigikiye, mu gihe ngo atariko vyogenze.

Dj Briane akaba abona ko ata gushigikirana ngo ata gutera imbere, ico ciyumviro kikaba caranashikirijwe na Big Fizzo muri Live ya Instagram yigeze gukorera mu Bufaransa mu ntango z’uno mwaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799