BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kubwa Double Jay ngo abarundi bakunda akayoga

Muri rusangi abarundi ngo bakunda inzoga, ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Double Jay mu kiyago yagiranye na kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu.

Muri ico kiganiro, hagarutsweko ibijanye n’impamvu agize imisi aririmba ku bijanye n’akaborerwe gusa.

Double yamenyesheje ko kubisanzwe Indirimbo ziwe zisanzwe zivuga cane ku bijanye n’urukundo cane. Ariko akaba yamenyesheje ko yashimye kubanza kuzana Indirimbo zivuga ku bindi.

Muri ico kiyago nyene yamenyesheje ko impamvu yahisemwo akaboregwa Ari kubera abarundi basanzwe bakunda akayoga cane. Double ngo uzanye ibintu bivuga ku buzima basanzwe babamwo ngo nta kibuza batabikunda.

Mwokwibuka ko Double asanzwe abarizwa muri Bantu Bwoy, Kandi ngo nta mugambi afise wo kuvavanura n’ubwo burongozi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775