Inyuma y’ururirimbo Dodo, umuririmvyikazi Ester Nish muri kino gihe asazwe y’ibugenze ngo kavorivori niryo zina.
Umuririmvyikazi Ester Nish murikino gihe ubona ko akuriwe cane aciye kumbuga asanzwe akoresha aramenyesha abantu bose bagize ico baterera kugira izina riboneke aho amenyesha abakunzi biwe ndetse n’ab’umuziki ndundi ko bitakiri ibanga izina ry’ururirimbo agiye gusohora ari Kavorivori.Akaba yashimye kubaza abamukwirikira bose uko baryibazako nk’insiguro yaryo anabasaba kandi ko bomuguma hafi bakabandanya babana mwino misi kugira vuba cane niyasohora icogikorwa baze bakibone kare.
Mwomenyako uyo muririmvyikazi inyuma yaho atanguriye akazi k’ukuririmba afise indirimbo zitari nke zagiye zikundwa n’abakunzi b’umuziki bataribake nk’indirimbo Umubabaro, Bitu Mingi ,Huruna n’izindi zitandukanye. Ikindi mwomenya nuko uwo mwigeme asazwe akuriwe ubu ariko hataramenyekana se w’umwana inyuma y’ikindi kibondo bari bafitaniye na Dj NC yahoze ari umu Dj wa Sat- B.