BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kubwa Masterland ngo habura amafaranga kugira umuziki ndundi ushike kure

Kubwa Masterland ngo ikibuze n’amafaranga kugira umuziki ndundi ujabuke ushike kure gusumba aho ushitse uno musi. Ivyo nivyo yashikirije mu kiganiro yagiranye n’imboneshakure ya hano iwacu.

Muri ico kiganiro, Uwo muririmvyi avuga ko ikibuze Ari amafaranga kuko urwo arirwo rufunguzo rutuma abaririmvyi bashitsa vya bintu vyose abakunzi b’umuziki ndundi bipfuza.

Masterland akaba abona ko amafaranga abonetse Collabo mpuzamakungu, ibiganiro ku mboneshakure mpuzamakungu, ubuzima bwiza bw’umuririmvyi n’imigambi ikomakomeye yogira ico yinjiriza igihugu vyoheza bikaboneka.

Muri ico kiganiro na Jimbere Magazine uwo muririmvyi yamenyesheje ko uno mwaka yahagurutse kugira afate akarere, akaba yanagiriyeko yizeza abakunzi b’umuziki wiwe n’umuziki ndundi muri rusangi ko afise umugambi wo gukora Collabo mpuzamakungu muri uno mwaka.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775