BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Kubwa Masterland ngo umuziki ni Business mu zindi

Masterland ngo aracimenya vyose, ntarabasha kuronka abashiramwo uburyo mu bikorwa vyiwe, kandi vyokwinjiza amafaranga menshi.

Uwo muririmvyi aheruka gushira ahabona akaririmbo kiwe gashasha yise Mafu, haraheze indwi 3, kanamaze kurabwa n’abarenga gato 100,000 ku rubuga rwa YouTube, avuga ko inzira amafaranga acamwo asohoka canke yinjira mu bikorwa vy’umuziki ngo aramaze kuzimenya neza. Masterland avuga ko ikibura ari abashiramwo amafaranga.

Masterland avuga ko umuziki ngo ari Business nk’izindi zose, naho abantu batarabitahura, kuko ubu uwuronse imiliyoni 10 yiyumvira gukora Business nk’izo abandi bose bakora, mu gihe ushize mu muziki ngo woba ukoze ivyo abandi batarakora kandi kwunguka ari ngombwa.

Yagize Ati : ” Ndipfuza aba Partnenaire, kuko jewe déjà ndi umuntu amaze gutahura business y’umuziki ukungene ikora. Ndonse nk’umuntu ashiramwo inoti, mba mbona impact, mugabo sometimes abantu benshi ntibaratahura how important ifise iyi creative industry. Umuntu wese yumva ndonse aka 10M aka 20M, nca ngura Probox ndayishire mw’ibarabara, nzoca nzana ubufu n’iki, ariko izo ni business zikora benshi, ariko ushaka gukora ibintu vyiza si mpaka uzane amazutu canke iki, urashobora kw’exploita ubwenge n’ama Talent y’abanyagihugu, nayo ni Matière ikomeye cane ikeneye kuba Explored.”

Masterland akaba ari umuririmvyi akaba kandi n’umugwizatunga mu bijanye n’umuziki, kuko ariwe nyene MasterMuzik inzu isanzwe ifise inzu ihinyanyura umuziki ariko kandi inakorana n’abaririmvyi mu bijanye n’ukubaherekeza mu gukora, kumenyekanisha n’ukwinjiza amafaranga bivuye mu muziki.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775