BurundiEntertainmententertainment Promotedhomepagekirundimusic

Kuri Kidum kuronka views nyinshi kuri YouTube ntaco bimubwiye

Kidum abona ko kurabwa cane kuri YouTube bitotuma umuntu aduza itugu, kuko biterekana ko uzi umuziki gusumba abandi.

Nimbona Jean Pierre benshi bazi nka Kidum ngo ukurabwa cane ku mbuga ngurukanabumenyi nka YouTube ntibimutera kuduza igitugu. Ivyo aheruka kubiyagira imboneshakure BETV, mu kiganiro BE News.

Muri ico kiganiro, Kidum avuga ko ivyo ari ibisanzwe kuko bishobora gushika canke ntibishike, ariko ngo ntibica bituma umuntu abona ko ashoboye gusumba abandi.

Kidum anavuga kandi ko kurabwa cane ataho bisa bisana n’ubumenyi bw’umuziki, kuko hari abadashoboye barabwa cane, ariko bidaca bituma bamurusha umuziki. Nimbona ntagarukira aho kuko anavuga ko hari indirimbo ziwe za kera zasohotse ubwo buhinga butaraza, ngo iyaba bwari buhari zari kurabwa cane.

Baba yao, akazina gashasha aheruka kwiha, akaba yishuye ivyo aho yariko abazwa ku ndirimbo Telenovela yakoranye n’umuhinyanyuzi CEDO wo mu gihugu ca Kenya iheruka gukwiza incuro 1,000,000 imaze kurabwa, mu mwaka imaze isohotse.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775