Entertainmenthomepagekirundi

Kwa Big Fizzo ibintu vyoba ari amarame?

N’igiki coba cinyegeje inyuma y’ifutwa ry’ama foto n’ama Video atandukanye yari yashizwe Kuri Instagram ya Big Fizzo?
Ico nico kibazo cibazwa n’abatari bake, barimwo na Yassin wamu Promoter akunda kumenya Ivya Big Fizzo imbere y’abandi bose.
Ama foto 2, n’iyo aboneka ku rubuga rwa Instagram rwa Big Fizzo, ayo ma FOTO 2, akaba ariyo yasigaye mu yarenga amajana yahora abarizwa Kuri urwo rubuga.
Abantu bakaba batanguye kwibaza igituma n’ama foto arikumwe n’umugore wiwe nayo yakuweko. Hakibazwa nimba hari akabazo koba Kari hagati yabo, kuko twaheruka kubona na Alvin Smith afuta iz’umugore wiwe kubera hari akabazo Kari gahari.
Naho atawuzi ico bigamije, Yassin yavuze ko bishoboka ko ari ukubera Big Fizzo yoba yarangije gutanga za nyigisho yaragize imisi acisha muma Video mato mato yasangiza abantu ku mbuga ngurukanabumenyi.
Naho Ayo mashusho abatari bake bibaza ko yoba yayafuse, ariko ico twabashije kubona nuko ayo ma FOTO anyegeje gusa, ariko atafuswe.
Ubu abantu babona ama FOTO 2 gusa, ariko ku batanguye kubona ico kintu, barabizi ko ifoto aboneka ari mu bufaransa, nayo nyene yari yakuweko, ariko hasigarako iyo yindi yifashe ku munwa.
Twabanje kwibaza ko vy’ukuri yoba yasubijwe bundi bushasha, ariko tumaze kuraba ama tariki yashiriweko, amakenga akaba yaciye ahera, ahubwo dusanga n’ukunyegezwa gusa.
Uwo mukenyuro ukaba waheruka gukoreshwa na Alvin Smith, aho yakurako ama FOTO y’umugore wiwe, ariko mu nyuma akaza gusubizwako. Ico gihe hakaba hariko hakorwa Indirimbo nshasha ya Alvin Smith.
Ubu rero akavuze bamwe mu bafana biwe abantu bakaba bizeye ko hari igikorwa gishasha agiye gusohora, naho yaheruka gushira ahabona Album Legendary na Desideratus Kuri YouTube.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 753