Burundihomepagekirundimusic

Landry iyo bamuha menshi ngo Timaya yari kumubona

Amafaranga 10,000 ngo niyo yabaye intandaro yo kutaja kwakira umuririmvyi w’umunya Nigeria aheruka hano iwacu ariwe Timaya, ivyo biheruka gushikirizwa na Landry Pacelli benshi muzi nka Landry Promoter.

Uwo mumenyeshamakuru asanzwe akorera insamirizi Black FM akagira n’urubuga rwiwe rwa YouTube, HittopTv1, mu kiyago yagiranye na Ncuti ya Bose ku rubuga rwa Instagram, yavuze ko abamuhaye ubutumire ngo agende kwakira Timaya ngo bamuhaye amafaranga make cane, ata n’aho ahuriye n’ayo yokoresha agiye muri ico gikorwa.

LANDRY akaba avuga ko yafashe ivyo nk’ukutamuha agaciro akwiriye, kuko ubu aho ageze, ngo ari ahakomeye, kuko afise ubushobozi nk’uko amaze kuvyerekana ko ashobora gufata ukuboko umuntu akamuduza akamushira hejuru.

LANDRY promoter akaba muri ico kiganiro nyene yavuze ko abamenyeshamakuru b’i Kigali ngo bo kugira ubahamagare mu gikorwa cawe, canke baguhe ibiganiro ku nsamirizi co kimwe no kuma Platform yabo, ngo ubanza gutanga amafaranga atari make, bayahabwa n’abo ba Promoter. Landry akaba yibaza rero igituma hano iwacu abantu badaha agaciro aba Promoter.

Mukamenya ko iyo Tv online ya Landry Promoter ariyo HitTop Tv1, iri muri 2 bariko batunganya igiteramo c’umunyarwandakazi Ariel Ways yitezwe hano iwacu muri ino misi, tukizera ko we mu guhamagara aba Promoter atazobaha 10,000 nk’uko yabihawe.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 765