BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Landry Promoter yavuze ivyo Sat-b na Big Fizzo bamukoreye

Iradukunda Landry Pacelli ngo niko kazi kimwe k’amavuko, ariko abatari bake ngo bamumenye ku kazi ka Landry Promoter yaahavuye yiyita amaze kwinjira mu mwuga wo kumenyeshamakuru. 

Mu kiganiro yahaye imboneshakure Bukimoon Tv, Landry avuga ko yaciye muri vyinshi gushika ino sawa, ari naco gituma afise abatari bake ashimira kubona ageze aho ageze. Mubo ashimira harimwo abaririmvyi batandukanye bakomeye, mbere n’abakiri bato.

Big Fizzo, Alvin n’abandi baririmvyi bose yoba yaragiranye nabo ibiganiro ngo baramufashije kugira abashe kuba uwo ariwe, kandi nawe arongera arabafasha kumenyekana. Ariko umuririmvyi Alvin Smith ngo ari mubo bafashanije cane kuko ibiganiro bakoranye vyakunzwe cane.

Abamubaye hafi s’abo gusa kuko Pacelli avuga ko ukumenya  gukoresha imbuga zitandukanye ngurukanabumenyi ngo abikesha umuririmvyi Aboubakar Karume benshi bazi nka Sat-b.

Nayo umuririmvyi Akes ngo niwe yamubereye umuvyeyi, kuko iyo ataba we ngo ntaho yari kwishikana. Ivyo akabivuga yisunze ko ariwe yamureze, ngo amwigisha umwuga, amushiramwo n’umutima rugabo.

Pacelli akaba yabwiye Bukimoon Tv ko kuva kera yamye ashaka kubona akora utwiwe aduza izina ryiwe rigakomera, naho kumenyekana agakundwa mu gihugu biri mu bintu Atari yiteze cane. Ubu akaba afise urubuga rwa Youtube asanzwe ashirako ibiganiro bitandukanye akorana n’abantu, rukaba rwitwa Hit top Tv.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775