BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Landry SB ngo Body ya D One na Social Mula ntiyakozwe n’abanyarwanda

Dutegura ino nkuru indirimbo Body ya D one na Social Mula yari isigaje Views ziharurwa ku ntoke ngo ikwiza Views 100,000.

Umuhinyanyuzi yakoze iyo ndirimbo arabeshuza ibihuha vyariko birashikirizwa ko iyo ndirimbo yoba yakorewe mu gihugu kibanyi c’Urwanda.

Nkuko yabiyagiye bagenzi bacu, uwo muhinyanyuzi yemeza ko iyo ndirimbo yakorewe Kandi ikorwa n’abarundi. Nayo ku boba bakekeranya kubera ubwiza bw’amasanamu ari muri iyo ndirimbo, Landry SB avuga ko Ari ibisanzwe kuko ikimuraza ishinga ari ubwo bwiza nyene.

Landry SB akaba mu kiyago na Akeza yavuze ko vyabatwaye uburyo bw’umurengera ngo babashe gushika kuri ico gikorwa, kuko iyo ndirimbo yatwaye ibintu vyinshi.

Landry yanaboneyeho akaryo ko gushimira Staff yiwe yose bakoranye, kuko bamubaye hafi, kuko ngo imbere yuko bafata Isanamu na rimwe vyasaba ko bafata umwanya bakicara bakabiganirako, Kugira batange igikorwa gusa neza.

Landry akaba ataretse gusaba ko abafana gushigikira abarundi n’ibikorwa vyabo, kuko ngo aho ariho hazova ukwemerwa mu mahanga, ariko Kandi ngo ni naho hazova kwizerwa n’abo baririmvyi mvamakungu.

Mwomenya ko hari abaririmvyi batari bake bamaze guca mu minwe umuririmvyi Landry SB, aho ni no Drama t akunzwe cane muri ino misi, ariko Kandi akaba amaze gukora amasanamu y’indirimbo zitari nke, aho ni nk’izo muri DB Entertainment ya Don Brighter kuko ariwe asanzwe ari umuhinyanyuzi wiwe bwite.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775