BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Big Fizzo yagarutse

Inyuma y’igihe abarizwa ku mugabane w’Uburayi, umuririmvyi Mugani Desire ngo yamaze gushika ku butaka bw’Uburundi, nkuko amakuru dukesha umwe mu bakurikiranira hafi ivy’amakuru yiwe abishikiriza.

Uwo muvyeyi yaragize igihe abwirwa n’umutambukanyi wiwe co kimwe n’umwana wiwe eka n’abafana bose ko akumbuwe, hamenyekanye kuva ejo ku musi wa gatatu ko yamaze kwurira rutema ikirere yerekeza mu gihugu c’amavukiro.

Nkuko makuru dukesha Yassin abivuga Mugani Desire yasangije abamukurikirana ku rubuga rwiwe rwa Whatsapp amajambo aho yariko ashima Imana ko yashitse amahoro.

Big Fizzo akaba atazomara igihe kirekire hano kuko bafise ivyirwa bazojamwo mu gihugu ca Maroc hamwe n’abandi bagwizatunga bo mu gisata ca Culture batwawe n’umugambi PASSAC, ushigikirwa n’ubumwe bw’abanyaburaya.

Big Fizzo agarutse Kandi mu gihe haheruka kumenyekana amakuru ko yoba agiye gushira ahabona Indirimbo nshasha, naho atamenyesheje ryari izoshirirwa ahabona.

Abafana batari bake bagize igihe bariko barasaba uwo muririmvyi ko yoshira ahabona Indirimbo nshasha, kuko amaze amezi arenga gato 9 adashira ahabona akaririmbo gashasha, ariko akaba aguma aboneka mu ndirimbo zitandukanye aho aba ariko afasha abandi.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 772