East Africa NewshomepagekirundiMagic Soldier KingorongoromusicPassport

Leta ya Tanzania yimye Diamond ico yabasavye

Diamond ngo yari yasavye ko kamwe mu ducimbiri duherereye aho yubatse inzu kohabwa izina ryiwe, ariko ngo uburongozi ntibwabimwemereye.

Diamond yimwe ico ngo yaragize igihe ariko asaba muri Leta ya Tanzania. Ico naco s’ikindi ngo n’uguha izina kamwe mu ducimbiri duhereranye n’aho inzu yiwe iri muri Tanzania i Dar-es Sallam.

Amakuru dukesha Global Publisher avuga ko Diamond yoba yaramaze igihe kitari gito ariko arasaba abarongozi ngo bite kamwe mu ducimbiri bahereranye izina ryiwe, Diamond. Ariko ngo bakaba barabimwimvye.

Umwe mu babanyi b’uwo muririmvyi avuga ko Diamond ngo yoba atashimye gose iyo ngingo kuko ngo yari yibaza ko ukumenyekana kwiwe kuzomutuma baha izina ako gacimbiri.

Ikinyamakuru Amani cakurikiranye iyo nkuru kikaba carondeye Diamond nticabasha kumuronka, noneho barondera umwe mu basahirizi biwe ngo agire ico abivugako.

Tale akaba yababwiye ko ataco ashobora kubivugako kuko bitajanye n’umuziki, ngo iyaba ari ivy’ibiteramo ngo yari kugira ico ashikirije, ariko muri ico gihe ngo ntaco yogira ico ashikirije.

Mwomenya ko uwo muririmvyi yanaheruka gusaba ko umusi w’ubugeni bwiwe leta ya Tanzania yotanga akaruhuko ku ba Tanzania bose.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 757