footballhomepageIKIRUNDI_newsInkinokirundikirundi_Sports

Lionel Messi nawe ngo ashobora kugurishwa na PSG

Lionel Messi nawe ngo ashobora kuba Ari mu gitigiri c’abakinyi ba PSG bashobora kuzinga ivyabo bagakinjura uwo uwo mugwi muri iri ci. 

Muri ino misi, umukinyi w’umunya Bresil, Neymar Jr, amaze gushirwa mu gitigiri c’abakinyi bipfuzwa kugurishwa n’uwo mugwi wo ku mugwa mukuru w’ubufaransa, ariko na Lionel Messi nawe ngo ashobora kumuhamvya.

La Cope ikinyamakuru co mu gihugu ca Espagne kikaba kimenyesha ko naho bitavugirwa ahabona, bamwe mu bari mu burongozi bwa PSG bavuga ko uwo mukinyi w’imipira y’inzahabu 7, yogurishwa kugira hashirwemwo abakinyi bakiri bato.

Igurishwa rya Messi afitanye amasezerano na PSG yo gushika mu mwaka wa 2023, rikaba ariryo kurabisha ijisho rimwe kuko atana hamwe abarongoye uwo mugwi barabihwihwisha.

Ariko uwo mumenyeshamakuru yashize ahabona ayo makuru akaba yamenyesheje ko uwo mugwi wipfuza abakinyi binjiza Ibitsindo cane gusumba abagurisha ama Maillot cane.

Ikindi yashikirije gishobora gusigura igurishwa rya Lionel Messi, ngo n’ukugira berekane ko umukinyi Mbappe aheruka kwongereza amasezerano n’uwo mugwi afise ububasha bwose muri uwo mugwi, ubona ko bipfuza umugwi w’abakiri bato bazobazanira intsinzi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891