BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Lolilo agiye gusubira gusohora indirimbo ku mufururizo

Mu gihe umwaka wa 2020 wamusizemwo imvune idasanzwe, kuko imwe imwe mu migambo yarafise ngo yaguye mu mazi, Lolilo avuga ko agiye kuza arasohora indirimbo n’amasanamu yayo uko ukwezi gutashe.

Mu kiyago ya Hosy, uwo muririmvyi yavuze ko naho ibintu bishobora guhinduka kandi uba wabiteguye, ngo vyatevye muri buri mezi 2 azokwama aba yasohoye indirimbo nshasha.

Imigambi yo muri 2021, ngiyo gusohora indirimbo na Clip buri kwezi.” Vyashikirijwe na Lolilo ubwiwe kuri Micro ya Hosy irakoze.

Uwo muririmvyi kandi yamenyesheje ko umwaka wa 2020 wamusizemwo igikomere, kuko yarafise ibiteramo hirya no hino kw’isi ariko ngo vyapfuye. Ariko naho biruko ngo ntiyidoga cane kuko Imana yaramushumbushije imuha ikibondo ciza.

Mwomenya ko ivyo abishikirije inyuma yaho ashiriye ahabona amasanamu y’akaririmbo gashasha Morning Star avuga ko yakuye muri Bibiliya.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775