BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Lolilo ngo umugambi ni ukuririmbana n’aba Legends bose

Lolilo ni umwe mu baririmvyi bakora ama Collabo atari make, akaba kandi anamaze gukorana n’abaririmvyi batari bake bakomeye bamaze kuza hano iwacu. 

Indirimbo nshasha afise ni indirimbo Je na We, indirimbo yakoranye n’umuririmvyi w’umunya Tanzania, uno musi atagikunzwe nka kera, ariko ari mu gitigiri c’abakambwe mu bagwaniye umuziki muri Tanzania ariwe Mr. Bleu.

Mu kiganiro yagiranye na Juste Gael, bagarutse kuri iyo ndirimbo, igeze ku barenga 30,000 bamaze kuyiraba, aho uwo muririmvyi avuga ko iriko irakirwa neza.

Yagize ati:”Indoto zanje ni ukuririmbana n’aba Legend bose bo muri Afrika, Peut-être bo kw’isi. Pourquoi pas Usher, umusi umwe. Canke Chris Brown canke Nelly, parce que ndamukunda. Oui un Jour.”

Lolilo avuga ko amaze gushimirwa n’abatari bake biciye mu majambo, co kimwe no mu ngiro, kubera iyo ndirimbo. Kandi ukwo kumushimira kukaba mu nzira zose,.eka mbere no mu bihugu uko ari 2.

Yagize ati:” Bayakiriye neza cane, bayikunze. Aba Subscribers bariko baraduga, ifise ama views atari make, bariko barayikunda, ama Félicitations menshi, ama Cadeaux menshi namaze kuronka.”

Lolilo akaba ashize ahabona iyo ndirimbo inyuma y’ugushira ahabona amasanamu y’indirimbo “Indagano” yakoranye n’umukunzi wiwe Loliane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775