BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Lolilo ntarota yifatanya n’abashobora kwiba abanya Gatumba

Amajwi abatari bake baheruka kwumva, aho Lolilo yihanangiriza avuga ko adashobora kwemera ko bafasha abanya Gatumba, ahubwo ngo nibamufashe we, avuga ko abayasohoye bashatse ko abantu bamubona nabi, kuko barateranije amajwi menshi kugira abantu bumve ivyo atavuze.

Mu kiyago na Landry, uwo muririmvyi yavuze ko ivyo abantu bumvise atarivyo, kuko arya majwi ari amwe muyari mu kiyago kinini yagiranye n’umwe mu Bantu bategura igiteramo, ariko atashatse gushikiriza.

Lolilo avuga ko intandaro ari uko atemeye kuja mu baririmvyi bariko bashirwa Ku rutonde rw’abazokora igiteramo co gushigikira abanyagatumba, noneho baca basohora amwe mu majwi yari yamwishuye.

Ivyo Lolilo akaba abivuga afatiye kuko ngo abo bategura ivyo biteramo bamaze gutegura ibiteramo vyinshi bifise intumbero yo gufasha, ariko bikarangira bivye amafaranga yaragenewe abo bafise ibibazo. Lolilo rero ngo yabikoze kubera atashaka ko bamubesha.

Akaba yanaboneyeho akaryo ko gusaba abantu bashaka gufasha abanya Gatumba ko ngo bokwegera ishirahamwe ry’abaririmvyi kugira Abe ariryo ribafasha gutegura ibintu bizonze neza, kandi ngo Abe ariryo rihamagaza abaririmvyi.

Mwokwibuka ko Lolilo ari mu baririmvyi bakunze kuboneka mu biteramo vyo gushigikira.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775