BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Lolilo yavuze ko bavanye kandi yamusigiye igikomere

Lolilo ngo muri kino gihe ntakirikumwe na Loliane, ariko kandi ngo ntiyiteze vuba kugira uwundi mukobwa yerekana. Ivyo nivyo aheruka kuyagira kimwe mu binyamakuru vya hano iwacu.

Muri ico kiyago, uwo mwanditsi akaba n’umuririmvyi wa Guitare, yavuze ko atiteze kurondera uwundi mukobwa bagendana vuba, kubera agifise igikomere gikomeye ku mutima. Naho atavuga uwakimuteye, ariko kuba batakirikumwe n’umukunzi wiwe, birafise ico biba bivuze.

Ariko kandi akavuga ko abo bakobwa bose babanye atawe avuga ko yamukoreye nabi, canke yicuza kuba yarabonanye nawe. Igituma uwo muririmvyi avuga ko ari kubera bose bafise ico bamwigishije mu buzima busanzwe, ariko kandi ngo baranamuhaye n’abana.

Lolilo avuga ko amaze gukundana n’abakobwa 4, kandi ngo bose yabakundiye ikintu kimwe, nuko bubaha. Abo bose uwo muririmvyi avuga ko ata numwe bamaranye musi y’imyaka 5.

Mwomenya ko Lolilo muri kino gihe afise abana 2 I Bujumbura, co kimwe n’abana bashika 2 mu gihugu c’ubwongereza aho nawe nyene yabaye, imbere yuko agaruka mu gihugu ciwe c’amavukiro

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775