featured sporthomepageInkinokirundikirundi_Sports

Lutte associé n’umukino ukinwa gute ?

Uburundi ni kimwe mu bihugu 170 bikina urukino rw’umwereka mu kinyamazuru bita luttes associés.

Cédric Nimpagaritse n’umwe mu barundi batanguye gukina urukino rw’umwereka luttes associés kuva mu mwaka 2012.

Haciye umwaka umwe,igihugu caraserutse mu mahiganwa atandukanye ya Africa na mpuzamukungu, bakaba barakinye ihiganwa rya Africa muri Tchad na Nigeria.

Abarundi bakaba baritavye mu
mahiganwa mpuzamakungu muri Iran na Hongriya.

Uwo mukinyi rurangiranwa yabwiye indundi Sports ko urwo rukino rwatangujwe mu 1905 na Ninad Lalovic yamuka muri Suisse ,rukaba rufise ubwoko bwinshi cane nka lutte libre, lutte gréco-romaine, lutte féminine (izo zitatu zikinwa muri jeux olympiques), le grappl HVing, combat grappling, le pancrace, lutte sur sable bakinira ku musenyi , la lutte à la ceinture ariko muri afrika bakina lutte traditionnelle .

Ku bwiwe Cédric Nimpagaritse avuga ko kuva ahiganwa mu Burundi ataratsindwa na rimwe agahamagarira abakiri bato guhurumbira urwo rukino we yita “umwereka ” kuko rufise akamaro kadasanzwe.

Mwomenya ko muri Hongria imbere yuko akina igikombe c’isi yakinye inkino 9 za kivandimwe atsinda 5, anganya zibiri aca atsindwa zibiri.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 872