BasketballCooperationhomepagekirundikirundi_Sports

Lydia Nsekera| Basabwa gukingira abakenyezi

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 28 Munyonyo 2020 niho hakinwa inkino mu ntumbero yo kurwanya amabi akorerwa abakenyezi .

Inkino zitandukanye nka Volleyball, Basketball , Taekwondo na Karaté zarakinywe.

Urukino rwuguruye uwo musi rwahuje imirwi ya volleyball y’abakenyezi rukaba rwahuje Muzinga na Gender light club . Muzinga ikaba yatsinze GLC iseti zibiri ku busa .

Hakurikiye urukino rwa Handball mu bagabo hagati y’imirwi ya mbere mu gisagara ca Bujumbura.

Rukinzo ifise ikibanza ca mbere yirahiye Brothers ku manota 22 kuri 20.

Haciye herekanwa ivy’ubuhinga muri Karaté na Taekwondo.

Ivyo birori birangiye abarongoye ikigo mpuzankino CNO barikumwe n’ubuserukizi bw’Ubufaransa mu Burundi baciye batanga ibikombe n’imidari.

Lydia Nsekera arongoye ishirahamwe rihuza inkino mu Burundi CNO avuga ko icivugo ari kurwanya amabi akorerwa abakenyezi n’abagabo muri sport kubera ko muri sport abakenyezi barahohoterwa ,harinaho abahungu bahohoterwa nababamenyereza canke ababarongoye mu mirwi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 877