BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Madam ya Drama t ngo yobera icirwa abandi

Ngo za nduru zigize imisi zivuga hano iwacu zijanye n’indirimbo z’abanyamahanga zivuzwa cane hano iwacu, ngo s’aha gusa n’abandi bafise ivyo bibazo nyene. Abarundi ngo nibatekane bareke kurabisha urutoke ku ba Dj n’abamenyeshamakuru ahubwo barabishe urutoke ku baririmvyi.

 

Dj Fanny agize imisi abarizwa mu gihugu ca Tanzania, yavuze ko no muri Tanzania aho tuvuga abaririmvyi bateye imbere, ngo nabo bafise ico kibazo nyene c’indirimbo z’aba Nigeria zibageramiye zivuzwa ku bwinshi.

Mu bagize ico bashikiriza muri ico kiyago cabereye ku rubuga rwa Instagram, yavuze ko no muri Kenya nabo barira ayo kwarika kubera Indirimbo zivuzwa muri ico gihugu ari inyamahanga gusumba iz’abenegihugu.

Uwo mu Dj akaba n’umugwizatunga, akaba amenyesha ko vyukuri ahubwo twari dukwiye kuraba uburyo dufasha abaririmvyi kuryohora Indirimbo zabo zikaba Nziza gusumba, kugira bikunde izo ndirimbo zikundwe cane noneho zigire ico zibahaye.

Dj Fanny yavuze ko abaririmvyi bari bakwiye kurabira akarorero ku baririmvyi nka Drama T aho Indirimbo yiwe imwe ariyo Madam yakunzwe cane ituma aronka ibiteramo Kandi n’ubu bikiriko birisesa. Ico ngo nico Cari gikwiye kutubera icirwa gikomeye.

Muri ico kiyago, hakaba abavuga ko ikindi Uburundi tubuze ari abashira amafaranga muri ico gisata, ariko Kandi hakanaboneka abafise ubushobozi bwo gukwiragiza izo ndirimbo zigashika kure cane.

Dj Fanny muri ubwo butumwa yanagarutse ku bavuga ivyo guhamagara abanyamahanga mu biteramo. Uwo muvyeyi yavuze ko abafana bari bakwiye kwikubita agashi kuko ngo abaririmvyi b’abarundi bategura ibiteramo ntibitabirwa, ariko haza umunyamahanga bakabano kuvyitabura.

Fanny akaba yatanze akarorero k’abaririmvyi nka Big Fizzo na Sat-b, aho ibiteramo bamaze gutegura abavyitabiriye baharurwa ku ntoke. Gutyo abashira amafaranga yabo mu biteramo bakaba badaheza ngo babahe akazi.

Naho muri ino mpera y’umwaka hari ibiteramo bitari bike vy’abanyamahanga biriko birategurwa, Hari igiteramo kimwe kizohuriramwo abaririmvyi b’abarundi batari bake barimwo ibihangange n’inararibonye muri uno Muziki wacu.

Abantu batandukanye bafasha kumenyekanisha ibiteramo bakaba basaba abarundi kwerekana ko vyukuri bashigikira abarundi, aho babasaba kwitabira ico giteramo, kugira bashigikira abaririmvyi babo.

Ico gushigikira naco Fanny yakigarutseko aho ngo abafana b’abaririmvyi ngo baboneka muma Commentaire kuri Facebook na Instagram, ariko mu biteramo ngo batigera baboneka.

Umwe mu bagize ico bashikiriza mu biteramo akaba yanavuze ko abafana b’abarundi nabo bari bakwiye kwikubita agashi nimba bashaka ko abaririmvyi babo batangura guhembwa amafaranga akwiye.

Uwo mufana akaba ahanura abafana gutangura kuriha amafaranga akwiye mu biteramo, kuko bitumvikana ukuntu abafana b’abarundi batarashika abo bashobora kuriha amafaranga 20,000 ku giteramo, ariko bakipfuza ko umuririmvyi arihwa ama Miliyoni nka 10 mu giteramo.

Big Fizzo akaba aheruka kuyica umurya aho yavuze ko ahamagawe mu biteramo vyateguwe bigahamagarwamwo umunyamahanga ngo azotegerezwa guhabwa amafaranga angana n’ayo uwo muririmvyi w’umunyamahanga Azohabwa.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775