BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Magali yabaye ahawe ikamba rya Miss Umuyaya

Abakora akazi ko mu nzu, benshi mwita abayaya, baronse ihiganwa ryabo rya Miss, uwuzoritwara akaba ngo ashobora kuba ari Magali umwe mu bakozi bo mu nzu bazwi cane mu Burundi, nkuko bamwe batanguye kubinuganuga.

Inkuru igezweho muri ino misi n’ihiganwa rushasha ry’aba Miss ngo rigiye gutegurwa, iryo higanwa ngo rikaba rizohuza abakozi bo mu nzu b’abakobwa, iryo higanwa rikaba ryiswe Miss Umuyaya.

Ntiharamenyekana neza igihe iryo higanwa rizotagurira, ikibanza baziyandikishirizamwo, canke ubushimwe bazohabwa, ariko ikimaze kumenyekana n’abariko barategura iryo higanwa.

Nkuko amakuru atangwa n’ikinyamakuru Siren Vibe abishikiriza, ngo amashirahamwe 3 niyo yagiye hamwe kugira abashe gutegura ico gikorwa kizohuza abo bakozi bo munzu.

Ayo mashirahamwe akaba Ari Hope for a better Future, Haruna Holding hamwe na Andika Solutions. Iryo higanwa nkuko amakuru dukesha ico kinyamakuru abandanya abishikiriza ngo n’uguha agaciro uwo mukozi wo mu nzu hano iwacu. Ivyo ngo bikaba biheruka gushikirizwa n’abariko bategura iryo higanwa.

Naho bataratangura kwerekana abamaze kwiyandikisha, hari abamaze kubona abazohaba batahukana igitsibo uno mwaka wa mbere muri iryo higanwa.

Umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru indundi Magazine, Adijoe akaba we yerekanye ko umwe Magali, ngo niwe ashobora kuzotahukana iryo higanwa.

Kuri Status za WhatsApp z’abantu batandukanye hakaba hatanguye gukwirakwizwa ama video aho abantu berekana abana b’abakobwa biswe ko bari muri bamwe bakora akazi ko mu nzu, aho bavuga ko bari mu bazokwitabira ico gikorwa kiriko kiravugwa.

Tukabamenyesha ko hataramenyekana nimba uwo mwigeme Magali azohaba anitabira iryo higanwa rikiri mu myiteguro.

Ku batamwibuka, Magali akaba ariwe mukozi wo mu nzu w’umwigeme ashobora kuba ariwe azwi cane hano iwacu, abantu bakaba bamumenye kubera urubuga rwa TikTok aho yasubiramwo utu video dutandukanye.

Magali akaba Kandi yamenyekanye cane kubera umwe mu basanzwe bari muba Tiktokeur bakomeye hano iwacu yitwa Olof Buntu yakoranye nawe cane, akaba Kandi ari n’umukozi wo mu nzu kwaba Olof nyene.

Magali akaba akurikirana n’abantu 16,400 kuri Instagram, nayo kuri Tiktok akaba ageze ku bagera 5495.

 

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775