homepagekirundi_Sports

Magara Young Boys uhejeje gutandukana n’uwari umumenyereza wabo: Mailo Nzeyimana

Mu gihe ihiganwa rikuru Primus Ligue Burundi 2023-2024 rigeze kundwi yaryo igira indwi, ibitangaza bibandanya kwibonekeza .

Primus Ligue itanguranye uburemere budasanzwe mw’ifatwa z’ingingo zikomakomeye mu migwi itandukanye uko ari 16 .

Inyuma ya LLB Amasipiri, Olympic Star Na Moso Sugar ziherutse kwirukana abamenyereza hakurikiye uwo Mu Ntara ya Rumonge .

Nzeyimana Mailo Aganira n’uruganda rwa Radio Indundi Culture mu gisata cayo ca Sports yemenyesheje ko atirukanwe ahubwo yatanze imihoho kubwo umusaruro muke uri mu murwi .

Mailo Nzeyimana ntiyigeze yoroherwa muri uwo mugwi wagize ibibazo vyo gutakaza bamwe mu bakinyi bari bayifashije mumwaka w’inkino uheruka, uwo mugwi wo mu Rumonge wagize kandi ibibazo vy’uburyo buke kuko vyaravuzwe ko woba ugira ugurishwe gushika n’ubu bikivugwa.

Mwomenya ko ibiharuro vya Magara Young Boys gushika ubu vyari bigeze aho umwasi ashaka.

•Kumusi wa mbere wa Primus Ligue Burundi Magara Young Boys yatakaje amanota y’ingira kamaro imbere ya Tigre Noir igitsindo 1 kubusa

•Kumusi wa kabiri wa Primus Ligue Magara Young Boys yongera gutsindwa Na Burundi Sport Dynamic Ibitsindo 2 Kuri 1

•Kumusi wa gatatu wa Primus Ligue
Magara Young Boys yatsinzwe Ibitsindo 3 Kuri 1 na LLB Amasipiri umugwi uvuye Mu cicaro ca Kabiri wahoze witwa LLB.

•Kumusi wa Kane wa Primus Ligue
Magara Young Boys isubira kwiha amenyo yabatwenzi itsindwa 2 Kuri 1 na Flambeau du Centre iyigomboye mu minota yanyuma itera inayitsinda .

•Kumusi wa gatanu wa Primus Ligue Magara Young Boys y’umumenyereza Mailo Nzeyimana yatsinzwe kandi na Musongati 2 ku busa

Gushika ubu kurutonde rw’imfatakibanza ni Abanyuma mu migwi 16 n’amanota 0 bari mw’ideni ry’ibitsindo 7 .

Mailo Nzeyimana abaye umumenyereza wa 4 atandukanye n’umugwi muri 2023-2024. Imbere Y’abamenyereza batandukanye n’imigwi yabo nka Niyibizi Olivier Mbarara Muri Moso Sugar Nduwantare Ismaël Muri LLB Amasipiri hamwe na Robert Bimenyimana muri Olympique Star yo Mu ntara ya Muyinga .

Musomyi muha amahirwe angana gute umugwi wa Magara Young Boys Yo kudakoroka ?

What's your reaction?

Related Posts

1 of 822