BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Marvin Lee ngo yasezeye agiye gutanguza ivyiwe

Arakaza Marvin Lee ngo ntakibarizwa mu nsamirizi Buja Fm nkuko abatari bake bari bamumenyereyeyo. Uwo mumenyeshamakuru yaciye mu biganiro bitari bike, uno musi niho yasezera iyo nsamirizi.

Mu kiyago yagiranye na Indundi Tv, yamenyesheje ko yasezeye uwo muryango yaramazemwo imyaka irenga 2. Ubu ngo yabonye nawe yotera intambwe akaga kuguruka n’amababa yiwe akava mu kwaha kw’umuvyeyi.

Uwo mumenyeshamakuru amaze gukorera ibinyamakuru 3, birimwo Indundi, Bonesha na Buja Fm, aho twamubaza igituma akinjuye, yatubwiye ko hari agiye kubera abona ko ibintu bitariko bikorwa nkuko we yavyipfuza.

Lee yahumurije abahora bamukurikirana mu biganiro nka Hit Connection, Inzira n’ibindi ko atagiye kubika ingabire yiwe, ahubwo ngo agiye gushiramwo inguvu mu bindi bikorwa yaramaze imisi yaratanguje ariko bizwi na bake. Ngo ibiganiro yahora akora, abantu bovyitega mu misi iza ahandi.

Tumubajije igihe vyamufashe kugira afate iyo ngingo, Lee yatubwiye ko yaramaze igihe mu karuhuko kugira yiyumvire kuri iyo ngingo y’ugusezera.

Uwo musore akaba agiye mu gitigiri c’abakozi b’iyo nsamirizi basezera iyo nsamirizi agasakisaki, abatari bake bakaba bari mu mugwi usanzwe ukora ibiganiro vya Sport.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799