BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

Master Bk aragabisha abatashatse ko atera imbere

Master Bk aravunira akagohe baba abaririmvyi bacaruka muri uno mwuga, canke abantu bamukoreye amakosa muri kahise muri uno mwuga wo kuririmba ko ngo ataco bakoze, kuko inguvu zikiri zazindi nyene, ivyo n’ivyo aheruka gushikiriza mu kiganiro yahaye Indundi Tv.

Muri ico kiganiro BK aragaruka ku mpamvu zatumye atabasha gukora cane umuziki wiwe nkuko yari yatanguye, aho avuga ko bitamuvuyeko ariko vyavuye ku buzima butamworoheye muri ibi bihe vyaheze.

BK yanaduhaye insiguro nto ku majambo Atari make yumvikana mu ndirimbo yiwe nk’ijambo akamaramasenge, imigani nka Nta buye rivuna ingasiro mu musi umwe, eka n’umwibutsa uvuga ko Iyo abanyavyaha babaye abagenzi uca uraba mu kirere haba hageze agatasi.

Muri ico kiganiro kandi yanamenyesheje ko agarukanye inguvu nyinshi kuko hampande y’amasanamu y’indirimbo ariko aritegurira gukora, ngo hari izindi ndirimbo zishika nka 10 ziri inyuma zisa n’izamaze guhera gukorwa muri Studio.

Aha mwomenya ko Master Bk yaheruka gushira ahabona akaririmbo haraheze amezi ashika ku 7. Ariko naho bisa nkaho ari hafi, uwo muririmvyi amaze igihe kitari gito asa nkaho inguvu z’ugukora zigabanutse cane.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799