BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Masterland abahinyanyuzi ngo bamuhezeko, boba bakurikira agafaranga?  

Vyukuri abahinyanyuzi bava muri MasterMuzik boba bagenda bakurikiye ahandi hari amafaranga asumba ayo muri iyo nzu ihinyanyura umuziki, na rirya basa n’abaguma bavayo uko umwanya uhera? Masterland aheruka gutanga umuco.

Mu kiganiro BNews, ku mboneshakure BETV, uwo muririmvyi akaba kandi n’umuhinyanyuzi akomeye, yamenyesheje ko atarivyo na gato, kuko ngo muri MasterMuzik ni nko mw’ishure aho yakira uwufise Ingabire akamwigisha noneho akabona kuja gutangura ubuzima bwiwe ahandi.

Uwo mutware akaba na nyene MasterMuzik yavuze ko ivyo yabikoze mu ntumbero zo kurondera uko afasha abo bose babishoboye nkuko anabikora no mu baririmvyi, kuko abo afasha bose ngo batari muri Label Mastermuzik, kuko ata n’iyihari.

Master yanavuze ko muri kazoza anifuza ko Imana imufashije yokora ishure aho aha akaryo abantu kwiga uwo mwuga; Igituma ngo nuko ababizi nka bose, ari ubumenyi bagenda baronkera mu nzira. We kubwiwe akabona ko ari akanya keza ko guha ubumenyi ababwipfuza.

Mu gihe bamwe ngo bagiye, we akavuga ko yabasohoye, ubu naho avuga ko yakiriye uwundi munyeshure nawe afise ivyiyumviro vyiza vy’umuziki, uwo akaba nawe ava mu ntara ya Bururi, nkuko yabandanije abishikiriza.

Mwomenya ko iyo nzu y’ubuhinyanyuzi imaze imyaka 4 ishinzwe, imbere yuko ayishinga akaba yarakoreye mu nzu z’ubuhinyanyuzi zitandukanye zirimwo iz’I Ngozi aho avuka, co kimwe n’iy’I Bujumbura ariyo Indonyi Records.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775