BurundiAkes DonEntertainmenthomepagekirundimusicPassport

Masterland yahagaritse ibikorwa vy’umuziki gushika umuhisi Member bamufuvye

Kubera urupfu rwa Simbavimbere, abaririmvyi bamwe bamwe batanguye guhagarika ibikorwa bari bafise.

Masterland yahagaritse ibikorwa vyose afise bijanye n’umuziki gushika umusi w’ifubwa ry’umuhisi Bruno simbavimbere benshi bazi nka Member. Ivyo uwo muririmvyi akaba yabishikirije mw’ijro ryo kuri uyu wa 5.

Muri iiryo tangazo, Masterland avuga ko abikoze mu ntumbero yo guha icubahiro uwo muhisi yarwanye cane arwanira inyungu z’umuziki n’abaririmvyi. Akavuga ko nimba yarakoze imyaka irenga 40 ico gikorwa, akwiye kwunamirwa basi n’indwi imwe.

Uwo muririmvyi akaba yamenyesheke ko ibikorwa yarafise kuri uyu wa 2 n’uwa 4 ukwezi kwa 3, vyahagaze. Aho akaba yanagiriyeko asaba n’abandi kubikora.

Siwe gusa kuko n’uwahoze ari icegera c’uwo muhisi mu kurongora ishiramwe ry’abaririmvyi mu Burundi, Nininahazwe Romeo nawe yasavye abaririmvyi ku wubishoboye ko bokwegera inyuma ibikorwa vy’umuziki basanzwe bafise muri iyi misi mu ntumbero yo kumugandarira.

Mwokwibuka ko uwo muhisi yasandavye uno musi, azize ibiguma bitari bike yakomerekejwe n’imipanga yakubiswe ku musi wa 5 w’indwi iheze, aho yari atashe avuye mw’ishirwa ahabona ry’ibikorwa vy’umuririmvyi, noneho ageze imbere y’umuryango ahahurira n’abagizi ba nabi.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775