BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Masterland  yavuze ko ukwigira umu Star bamuvugako ngo yabitewe n’ubumuga afise  

Masterland ngo aratsitazwa cane n’abantu bamubonamwo ubwibone kubera aboneka cane yambaye amarori umwanya munini. Ivyo ngo biramubabaza cane kuko ico bita ubwibone n’ubumuga yagize kuva mu buto bwiwe.

“Burya abantu benshi hari igihe bancira urubanza, bakambona bati Masterland urya arigira umu star. Mugabo nca ndabasabira amahoro ku Mana, nta kosa bafise kandi Imana izobarinde ivyo vyago.”

Uwo muririmvyi yanamenyesheje ko afise ikibazo c’amaso, ngo iyo atambaye amarori aragira ikibazo gikomeye. Amaso yiwe nkuko yabandanije abiyagira BukiMoon ngo kuva akiri ku ntebe y’ishure ngo ntivyamworohera kwimura ivyo ku kibaho, ahubwo yarumviriza akabona gukora ikibazo.

“Namye mfise ikibazo c’amaso,no kw’ishure sinimura kuko imbere sinahabona cane, kenshi nakoresha ukwumviriza, n’ikibazo nkagikora kandi numvirije gusa.” Yongeyera ati : “ Niyo mpamvu abantu benshi bashobora kubana nambara amarori kenshi. S’ukubera ubwishime, s’ukubera ubusani nkuko bavyita, nukubera ico kibazo nagize c’amaso, ukubagwa cane biratuma amaso agira intege nke (Fragile), ku muyaga, ku muco, novuga ko mfise intege nke. Nibaza ko ari ubumuga nagize mu buzima, umusara munini cane, kuko nashaka kumara ishure.”

Uwo muririmvyi yabwiye Billy mu kiganiro Inkuru shure ko kubera ubwo bumuga yagarukiye mu mwaka w’icuma, kuko kwa muganga bamusaba kubanza kwivuza noneho agume muhira imyaka itari mike kugira abanze aruhurire amaso.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775