footballhomepagekirundikirundi_SportsWorld News

Materazzi yasavye Zidane mushikiwe, aba akubiswe umutwe

Umutwe Zinedine Zidane yakubise Materazzi mu mwaka wa 2006 ngo vyavuye ku majambo yerekeza kuri mushikiwe.

Mu kiyago uwo mukinyi wa kera w’ubutariyano aheruka gutanga yavuze neza ivyo yabwiye Zinedine Zidane, aho bari bamaze gukozanyako incuro zirenga 2 zose.

Yagize ati: “Twari tumaze gukozanyako mu kibanza c’inyuma (Surface de Réparation)…. Inyuma y’ugukozanyako kwa mbere, naramusavye imbabazi, nawe anyishura nabi.” Abibwira ikinyamakuru Corriere dello Sport.

Yabandanije avuga ati : “Dukozanijeko ubwa gatatu, narafunze isura. Aca ambwira ko aza kumpa Maillot turangije urukino. Namwishuye ko noshima ampaye mushikiwe.”

Ivyakurikiye ico kiyago abatari bake muravyibuka kuko Zinedine Zidane yaciye asohorwa kandi uba umukino wiwe wanyuma akinye. Inyuma y’ugukubita umutwe uwo mukinyi agaca akumbagara.

Mwibuke ko Zinedine asigaye ari umumenyereza w’umurwi Real Madrid, akaba yafashije uwo murwi kuronka ibikombe bitari bike.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 891