BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

MB Data ngo MA Production nta terambere yigeze imwipfuriza

Mu Burundi ngo nta Management ihari, ntihagire uwuzosubira kubesha abantu. Ivyo ni ibiheruka gushikirizwa na Mb Data.

Uwo muririmvyi yamenyekanye cane ari mu minwe ya Mugisha Amir muri MA Production, avuga ko Management ikumenya vyose guhera ku buryo ubaho imisi yose gushika mu bijanye n’umuziki, ariko hano iwacu ngo si uko bimeze.

Mu kiyago na Hosy, uwo muririmvyi yavuze ko atazopfa yibagiye ubuzima yabayemwo, akiri kumwe na Amir. Akaba yavuze ko yakoreye amafaranga menshi, ariko ngo ntaco yigeze ahakura.

Muri ico kiyago, Mb Data avuga ko yiriwe inzara, yatashe n’amaguru, yahawe ishano kandi akorera amafaranga ariko yagira ngo asavye n’urukoroka, bakamubwira ko ata yahari, ngo arindire.

Mb Data yanavuze ko yinginze ngo bamugurire ingendeshwa imufasha mu kwiyunguruza, ngo ubwo busabe bwiwe babumuteye mu maso, batangura kumwereka ko atahereye no hasi muvyo asaba.

Mb Data yanavuze ko habuze gato ngo yiyahure, kuko atatahura ibiriko biramubako. Kuko kuriwe Amir yamubonamwo ikindi kintu, ariko aza gusanga uko yamubona atariko ari.

Mb Data ntahakana ko atafashijwe na MA Production mu bikorwa vyiwe vy’umuziki, ariko akavuga ko ata terambere yigeze amwipfuriza, kuko iyaba yararimwipfuriza ngo ntiyari gusigarana icomufashije gutera imbere.

Mb Data naho uno musi afise management nshasha ngo ntibakorana nk’uko bakorana kera na Amir, naho atashimye gutomora neza uko ubu bakorana.

Mwomenya ko uwo musore yatswe imbuga ngurukanabumenyi zose yari  asanzwe akoresha muri iyo Management, harimwo za YouTube, Instagram co kimwe na Facebook.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775