BurundiEntertainmenthomepagekirundimusicUncategorized

MB Data ngo nta higanwa arimwo 

MB Data ngo nta higanwa arimwo muri kino gihe. IVyo nivyo uwo muririmvyi aheruka kuyagira Adijoe kuri Micro za Indundi Tv, mu kiyago bagiranye.

Muri ico kiyago, uwo muririmvyi yavuze ko ukurondera guhiganwa haca hajamwo n’ugushaka kugira nabi. Uwo muririmvyi akaba avuga ko we iyo Nzira atayipfuza.

Yagize Ati :“Sindiko ndahiganwa jewe, kuko uriko urahiganwa n’umuntu, uba uriko uragomba no kugira nabi. Jewe nta fuhe mfise ryo kuba nkuko naka ameze, mfise ifuhe ryo kuba nkuko Imana yategetse ko mba uwo ndi. Kandi mfise ifuhe ryo gushika kuco nipfuza gushikako jewe, ariko bidaciye kukwigana uko umuntu Ari.”

MB Data yatanguye yitwa MB Flow, ubu akaba Ari umwe mu baririmvyi bafise abandi baririmvyi bakurikiranira hafi ibikorwa vyabo, akaba Kandi n’umwe mu baririmvyi bandika bakanaririmba neza Uburundi bufise.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 799