BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Mb Data ngo yavuye muri MA kuko hari hageze ko aja kwironderera

Kutagenda ajanya ivyo yahora akoresha muri MA ngo hari kugira abashe kwironderera ivyiwe, ivyo kandi ngo bikorwa n’umuvyeyi w’incabwenge, ariko uw’ikijuju amuha ibizomufasha. Ivyo n’ibiheruka gushikirizwa na Mb Data ubwiwe.

Muri ico kiganiro yagiranye na Juste Gael yanse kuvuga nimba Amir yaramuhezagiye canke atamuhezagiye mu kugenda. Iryo ngo n’ibanga ry’umwana n’umuvyeyi.

Nayo Ku kibazo c’impamvu avuyeyo ubu kandi Bari bamaranye igihe, yavuze ko ari kuberako hari hageze. Ntiyashatse kugira vyinshi abivugako, ariko yemeza ko ngo azobandanya aganira n’umuvyeyi kubera uko bizogenda kwose azokwama ari umwana wa Amir.

Muri ico kiganiro nyene yabajijwe nimba afise uburenganzira bwo kuririmba mu biteramo indirimbo yakoranye na Amir, yabishuye mu kubaha ikaze mu biteramo azokora.

Ku kibazo c’amasanamu yari yaramenyereje abantu mu ndirimbo asohoye, uwo muririmvyi yavuze ko atashimye kubikorerako muri kino gihe.

Mukibuka ko uwo muririmvyi yamaze gukora urubuga rwiwe rwa YouTube rushasha, bikavurwa ko n’urubuga rwa Facebook narwo ngo atakirukoresha, ariko urwa Instagram rwo bikaba biboneka ko akirukoresha.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775