BurundiEntertainmenthomepagekirundimusic

Meili ngo bazomwizera babonye abanyamahanga bamwemeye

Merveille azwi cane nka Meili muri uno muziki wa hano iwacu, ngo n’umufana akomeye wa Ykee Benda, umuririmvyi w’umugande. Uwo nawe nyene ngo nawe akunda indirimbo za Meili kubi.

Ivyo n’ivyo uwo muririmvyikazi aheruka gushikiriza ku rubuga rwiwe rwa Instagram, imbere y’uko asangiza abamukurikirana ishusho ya Benda ariko aratamba akaririmbo kiwe gashasha.

Iyo shusho yasohotse ku musi wa kane, ikaba yaherekejwe n’amajambo atari yoroshe. Kuvyo Meili yashikirije yavuze ko ngo bazovyemezwa n’uko umumyamahanga amushigikiye gusumba uw’iwabo.

Vyabintu ndavyemeye 😱challenge y’umwaka niyo😂@ykeebenda thank youuuuu❤️❤️

PS:bazokwemera babony uwo hanze agufana kurusha uw’imuhira 😉

#burundi🇧🇮 #uganda🇺🇬 #meili #nampenda”

Abantu babashije kugira ico bashikiriza kuri iyo sanamu, bashigikiye uwo muririmvyikazi bamwizeza ko ibintu bizogenda neza buke buke. Abandi nabo bakaba babona ko hoba hari ikintu kiriko kirategurwa hagati ya Meili na Benda.

Ivyo bikaba bishikirijwe mu gihe hitezwe indirimbo za Meili zakorewe muri Tanzania, harimwo iyo yikoranye n’iyo yakoranye n’umuririmvyi atarabasha kumenyekana.

What's your reaction?

Related Posts

1 of 775